Ingabo za Syria zishaka kwisubiza Aleppo

Ahavuye isanamu, AFP
Hamwe mu marembo y'ishure rya kaminuza ya gisirikare hafashwe n'abarwanyi mu kwezi guheze
Ingabo za leta bivugwa ko zasatiriye ibice vyarimwo abarwanyi zifashishisje ibitero vy'ingabo vyunganirwa n'indege, ariko biravugw ako n'abarwanya leta nabo bariko barasubiza.
Ibibanza vyafashwe birimwo ivya gisikare mu micungararo y'umuji wa Aleppo.
Abarwanyi bafashe akarere ka Ramousseh, mu bumanuko bushira uburengero bw'uwo muji wa Aleppo waciwemwo kubiri.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibitero vy'ingabo za Syria bisugereje abarwanyi bari Aleppo
Iyo ntambara yo kwigarurira Aleppo bivugwa ko n'ubu ikibandanya.
Utwigoro duciye mu nzira y'imigenderanire mu ntumbero yo guhagarika intambara muri Aleppo n'ahandi, bisa n'ivyananiranye gushika ku mwumvikano.
Ikigo c'itangazamakuru ca leta ya Syria gitangazako ingabo zayo zasatiriye ibirindiro vy'abarwanya leta, mu ntumbero yo gufata umuji wose wa Aleppo.