Inkino z'itike y'igikombe ca Afrika zigeze he?

Jonathan Kodjia asanzwe akinira Aston Villa

Ahavuye isanamu, None

Insiguro y'isanamu,

Jonathan Kodjia yahesheje igitsindo Cote d'Ivoire

Cote d'Ivoire yari ikeneye inota rimwe, aho yarironse kubera igitego ca Jonathan Kodjia, inyuma y'iminota 37 gusa urukino rutanguye.

Senegal yatsinze Namibia 2-0, ukaba ari wo murwi wonyene waronse itike yo kuja mu nkino z'igikombe ca Afrika mu kwa mbere muri Gabon, ufise amanota 100%.

Kuri uyu w'Imana, umurwi wa Niger wakinye n'uwo Uburundi n'ubwo iyo mirwi yompi yamaze gusezererwa itazoja muri Gabon.

Umurwi wa Uganda watsinze amazinga ya Comores 1-0, ukaba waronse itike yo kuja muri izo nkino z'igikombe ca Afrika.

Urwanda rwo rwahuye ejo na Ghana, aho iyo mirwi yanganije 1-1, ariko Ghana yari yamaze kuronka itike yo kuja mu nkino za nyuma zizobera muri Gabon.