Syria: Abashika 20 bazize ibitero vya bombe

Imodoka itezwemwo bombe yononye vyinshi mu gisagara ca Homs

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Imodoka itezwemwo bombe yononye vyinshi mu gisagara ca Homs

Abantu bashika 20 bahitanywe n’ibibombe vyaturikiye mu turere turi mu minwe ya reta n’aba Kurde muri Syria, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vya reta.

Ibibimbe vyaturikiye mu gisagara kiri ku kivuko ca Tartous, igisagara kiri hagati mu gihugu ca Homs, Damas na Hassakeh kigenzurwa n’aba Kurde, nk’uko izo nkuru zibandanya zibivuga.

Benshi baguye mu gitero c’I Tatous, ahari icicaro gikomeye c’igisirikare kigwanira mu kirere c’Uburusiya.

Ico gisagara caheruka kugirwako ibitero vya bombe mu kwezi kwa gatanu n’umuhari wa IS.

Imodoka itezwemwo ikibombe ni yo yatanguye guturika, abajejwe gutabara bariko baregera gufasha abababaye, umwiyahuzi yambaye bombe aca arituritsa, nk’uko ibinyamakuru vya reta bibivuga.

Ikindi kibombe caturikiye kuri bariyeri mu gisagara ca Homs, gihitana abantu babiri, abandi batanu bakaba bapfiriye mu gitero c’I Hassakeh, nk’uko bimenyeshwa n’inkuru zari zabanje kumenyekana.

Hagati aho, ibiganiro hagati y’Uburisiya na Amerika vyabaye igihe hari hakoranye inama ya G20, nta co vyavuyemwo kuvyerekeye ihagarikwa ry’intambara vy’agateganyo, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Amerika.

Artiko prezida w’Uburusiya Vladimir Putin n’uwa Amerika Barack Obama bumvikanye kubandanya barondera gushika ku masezerano yo guhagarika intambara, nk’uko bimenyeshwa n’itororokanirizo ry’amakuru Associated Press.

Izo mpande zibiri zimaze igihe zigerageza gushika ku masezerano yo guhagarika intambara, yotuma hashobora gutangwa imfashanyo mu gisagara c’ugarijwe n’ingabo za reta ya Syria, Alep.