Imurikagurisha mu gisagara ca Bujumbura

Iryo murikagurisha ryateguwe n'igihugu ca Kenya
Insiguro y'isanamu,

Iryo murikagurisha ryateguwe n'igihugu ca Kenya

Imurika-gurisha ry'ibidandazwa biva mu gihugu ca Kenya ririko rirabera mu Burundi mu ntummbero yo gutsimbataza ihanahana ry'ibidandazwa hagati y'ivyo bihugu vyompi.

Iryo murika-gurisha rizomara imisi 10, ririko ribera ku kibuga c’inkino ca Tempete mu gisagara ca Bujumbura.

Ryitabwe n’abadandaza bava muri Kenya eka n’abarundi bakadandaza ibintu bitandukanye harimwo n’ibifungurwa.

Pita Munyau, ni umudandaza wo muri Kenya, avuga ko bazanye ibidandazwa ahanini bigizwe ahanini n’umutobe.

'Twazanye ibidandazwa bigizwe ahanini n’ibinyobwa vyo mubwoko bw’umutobe duhingura muvyamwa. Ndazi ko no muburundi bakora nkibi, ariko umutobe twazanye ufise ico wisangije. Ukozwe mu vyamwa gusa. Nta kindi kintu na kimwe kirimwo. Baba abakuze canke abana, nibawunywa baraja gushima'.

Abadandaza b'Uburundi na bo bari baje guhayanisha ivyo bahingura
Insiguro y'isanamu,

Abadandaza b'Uburundi na bo bari baje guhayanisha ivyo bahingura

Abarundi batari bake baba abafise amashirahamwe n’amahinguriro akora ibintu bitandukanye ntibatanzwe.

Charles Mbonankira arongoye ikigo kigira ubushakashatsi bw’imbuto zirobanuye CPSB co muntara ya kayanza, avuga ko bazanye ivyo bimbuye.

' aha dufise ibiharage vy’ubwoko butandukanye, ibiraya n’ingano '.

Abatari bake bavuganye na BBC bemeza ko hari akarusho kuko ibiciro bagurishako ibintu vyabo bazanye mw’iryo murika gurisha biri hasi ugereranije n’ivyo kumasoko.

Bimwe mu vyaje guhayanishwa n'aba Kenya
Insiguro y'isanamu,

Bimwe mu vyaje guhayanishwa n'aba Kenya

Mw’ijambo ryo kwugurura icese ico gikorwa, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yasavye abarundi gukunda no kugura ibintu bikorerwa mu burundi kurusha ibiva hanze.

'Vyotuma abadandaza b’abarundi batera imbere maze bagashobora kwitunga no gutunga imiryango yabo '.

Uwaserukiye igihugu ca Kenya mw’ijambo ryiwe yabwiye abamenyeshamakuru ko igihugu ciwe gifadikanije na Tanzania hamwe na Afrika y’epfo bagiye gufasha uburundi kugira butere imbere muvy’ubutunzi.