Umushikiranganji w'ubutungane yeguye muri Gabon

Imyiyerekano ni yo yakurikiye itangazwa ry'ivyavuye mu matora

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Imyiyerekano ni yo yakurikiye itangazwa ry'ivyavuye mu matora

Umushikiranganje w’ubutungane mu gihugu ca Gabon, Seraphin Moundounga yatanze imihoho kubera amatati yaranze amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu ndwi iheze.

Bivugwa ko yagabishije prezida Ali Bongo, yatangajwe ko ari we yatsinze amatora n’akanama kajejwe kuyategura, ko yari kwanka ivyayavuyemwo mu gihe aroba yarisunze amategeko.

Mondunga ni we mutegetsi mukuru wo mu rwego rwo hejuru atanze imihoho bivuye ku matati afatiye ku vyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu.

Ubutegetsi bwa Gabon buvuga ko abantu batatu ari bo bitavye Imana, abandi barenga 100 barakomerekera mu midurumbanyo yatumye abandi amajana n’amajana bafatwa.

Zimwe mu nkuru zivuga ko bishoboka ko igitigiri c’abahasize ubuzima gishobora kuba kirenga aho.

Ubufaransa buranebagura ibiriko birabera muri ico gihugu, bukavuga ko butazi irengero rya bamwe mu bafaransa baba muri ico gihugu.

Ali Bongo ni we yatangajwe ko yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu, ariko abatavuga rumwe na reta barongowe na Jean Ping barahakana ivyayavuyemwo.

Ali Bongo yaronse ibice 49.8% vy’amajwi, mu gihe Jean Ping yaronse 48.2%, bakaba barusharushana amajwi 5.594.