Abakinyi ba El Salvador banse igiturire

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Umugwi wa El Salvador nta burenganzira waronse wo kuzoja mw'ihiganwa ry'isi yose ryo mu 2018
Abakinyi nserukiragihugu ba El Salvador bavuga ko banse igiturire kugira bemere gutsindwa mu rukino rwabahuza n’igihugu ca Canada mu guharanira kuca mu nkino z’isi yose ku musi wa kabiri.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, abakinyi b’uwo mugwi babumvishije ijwi ry’umuntu yariko aragerageza kubaha igiturire, mu kubemerera udushimwe dutandukanye.
Canada ni ngombwa ngo itsinde El Salvador kandi na Mexique itsinde Honduras mu nkino za nyuma z’imigwi, kugira baronke akaryo ko kubandanya.
El Salvador ntigishobora kubandanya ihiganwa.
“Ni bintu bidasanzwe cashitse”, nk’uko vyavuzwe na Declan Hill wa BBC
Agashimwe gakomeye bari kuronka yari amadolali 3.000 kuri buri mukinyi.
Umugwi wose waje uri kumwe n’umumenyereza wawo bavuga ko bashatse kubaha igiturire ku musi wa gatandatu.
Babumvishije amajwi iminota 11 y’umuntu yashaka kubaha ico giturire.
Hill yavuze ko ico giturire coba cari catanzwe n’umunyagihugu wa El Salvador azi neza abakinyi bamwe bamwe muri bo, ariko yashaka gufasha umugwi wa Honduras.