Bongo yokwemera ko amajwi aharurwa bushasha?

Ahavuye isanamu, AFP
Prezida Bongo yokwemera ko basubira guharura amajwi bisabwe na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro
Prezida wa Gabon, Ali Bongo, yavuze ko yiteguye kwemera ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, mu gihe yotegeka ko amajwi yavuye mu matora y’umukuru w’igihugu ko asubirwamwo guharura.
Abarorerezi mva makungu bavuze ko ayo matora yabayemwo utunenge twinshi, hatangajwe ko ari prezida Bongo yayatsinze.
Ariko arishura ku bibazo vy’iradiyo y’abafaransa, Bongo yavuze ko amategeko y’igihugu ciwe atemera ko amajwi asubira guharurwa.
Ariko yavuze ko ashobora kuvyemera mu gihe sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yofata iyo ngingo.
Bitegekanijwe ko sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ihura kuri uyu wa kane kugira yihweze ibirego vyashikirijwe n’uwaserukiye abatavuga rumwe na reta mu matora y’umukuru w’igihugu, Jean Ping.
Bongo yavuze ko akazi ubu afise gakomeye, ari ukugarukana umutekano mu gihugu ciwe, no kureka sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro kugira ikore akazi kayo.
Bongo ni we yatangajwe ko yatsinze amatora, ariko abatavuga rumwe na reta, bavyamirira kure.
Prezida Bongo yaronse amajwi 49.8%, jean Ping na we 48.2%, bakaba barusharushanya amajwi 5.594.
Ahavuye isanamu, AP
imodoka yatuririwe mu myiyerekano yakurikiye itangazwa ry'ivyaviye mu matora
Ping yatsinze mu ntara zitandatu ku ntara icenda, akaba asaba ko hasubirwamwo iharurwa ry’amajwi.
Mu ntara ya Haut-Ogooue, aho Bongo avuka, abitavye amatora bashika ku bice 99.93% nk’uko vyashizwe ahabona, muri bo 95% bakaba batoye prezida Bongo.