Syria: Ibitero vy'ivyuka vya "chlorine" i Alep

Ifoto zafashwe n'abajejwe gutabara yerekana abantu bafise ingorane zo guhema mu bitaro bitaramenyekana

Ahavuye isanamu, UGC

Insiguro y'isanamu,

Ifoto zafashwe n'abajejwe gutabara yerekana abantu bafise ingorane zo guhema mu bitaro bitaramenyekana

Abasirikare ba Syria baragirijwe ko bakoraguye utugunguru twa bombe turimwo ubumara bwa chlorine hakoreshejwe kajugujugu mu micungararo ya Alep, hakomereka abantu 80.

Abajejwe igikorwa co gutabara ku bushake bavuga ko abantu bafise ingorane yo guhema nabi, inyuma y’igitero cabereye mu karere ka Sukkari.

Ivyo bivugwa nta n’umwe aravyemeza ata ho yegamiye.

Mu kwezi guheze, akanama ka Onu kajejwe kugira amatohoza, kemeje ko reta yakoresheje ubumara bwa Chlorine incuro nka zibiri.

Syria yamye ihakana ko ikoresha ibirwanisho vy’ubumara.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Umwana afise ingorane zo guhema yafotowe ariko aravugwa

Ivyo bishitse mu gihe abatavuga rumwe na reta biteguriye guhwanira I Londres ku musi wa gatatu, kwumvikana ku mugambi mushasha wa reta mfatakibanza, mu twigoro two guhagarika intambara imaze imyaka itanu.

Umugwi userukira abatavuga rumwe na reta n’akanama ko mu rwego rwo hejuru kajejwe ibigaro, bazakirwa n’umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire, Boris Johnson.

Abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu bicuditse n’imigwi igwanya reta ya Syria, bashigikiye imigwi igwanya prezida Bashar al-Assad, na bo nyene ni ho bazoba bari.

Ahavuye isanamu, REUTERS

Insiguro y'isanamu,

Igisagara ca Alep kiramaze guterwa incuro nyinshi

Umushikiranganji w’imigenderanire wa Arabie Saudite, Adel al-Jubeir yabwiye BBC ko bemera ko inyishu ya politike ishoboka, kandi ko prezida Assad ata gahengwe afise kandi adashobora kwitega intsinzi, n’aho amaze imisi atsinda ku rugamba.

“Ariko mu gihe Bashar al-Assad yobandanya yigira sindabibazwa, akwega ibirenge, yanka gufata ingingo zigaragara, birumvikana ko hazokenerwa ko twiyumvira iyindi nzira, aho ibikorwa vya gisirikare vyokoreshwa gusumba,” n’uko yavuze.