Ubuswisse bwatsinze Portugal 2-0 mu kwitegurira igikombe c'isi ca 2018

Breel Embolo aheruka kugurwa n'umugwi wa Schalkemu Budagi

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Breel Embolo aheruka kugurwa n'umugwi wa Schalkemu Budagi

Ubuswisse bwaraye bwirahiye Portugal ifise igikombe giheruka 2-0, mu nkino z’igikombe c’umupira w’amaguru kw’isi ca 2018, mu mugwi B, ku wa kabiri.

Breel Embolo na Ahmed Mehmedi ni bo batsinze ivyo bitego abo babakiriye, bari bakonishije n’umukinyi wa Arsenal ubu, akina hagati Granit Xhaka, yaciye asubirizwa mu gice ca kabiri.

Christiano Ronaldo ntiyakiniye igihugu ciwe ca Portugal, akaba atarahonyora mu kibuga kuva habaye urukino rwa nyuma rwa Euro 2016 mu kwezi kw’indwi, kubera imvune.

Ubufaransa bwanganije na Belarussie 0-0.

Mu rundi rukino muri uwo mugwi nyene, Suede yanganije 1-1na Pays Bas.

Burgaria yatsinze Luxembourg 4-3.

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Xhaka akinira Arsenal ariko arasohoka mu kibuga

Uwahoze ari umumenyereza wa Everton, Roberto Martinez, yatsinze urukino rwa mbere kuva abaye umumenyereza w’Ububiligi, aho uwo mugwi watsinze Chypres 3-0.

Edin Dzeko ari mu binjije ibitego mu rukino rwahuje Bosnie Hezegovine na Estonie, aho baba nyagiye ibitego 5-0, mu gihe Ubugiliki na bwo bwirahiye Gibraltar 4-1.