Abagwanya reta ya Syria basaba reta mfatakibanza

Ahavuye isanamu, REUTERS
Intambara yo muri Syria imaze guhitana abantu barenga 250.000
Umugwi userukira abatavuga rumwe na reta ya Syria n’abitwaje ibigwanisho washize ahabona umugambi w’intwaro mfatakibanza wo kurangiza imyaka itanu y’intambara.
Umugwi ushinzwe ibiganiro (HNC) usaba ko hoba amezi atandatu y’ibiganiro na prezida Bashar al-Assad, bigakurikirwa n’ihagarikwa ry’intambara.
Prezida Assad ashobora kuzoca ashikiriza ubutegetsi reta y’ubumwe izorongora Syria mu kiringo c’amezi 18, yongere itegure amatora.
Igihugu ca Arabia Saudite gishigikiye HNC, cavuze ko uwo mugambi ari uwo kugerageza abashigikiye prezida Assad.
Ariko umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu w’ico gihugu, Adel al-Jubeir, yabwiye BBC ko atizeye ko Uburusiya na Iran biteguriye kwotsa igitutu prezida Assad, kugira ashire mu ngiro ivyo amakungu amusaba.
Ahavuye isanamu, AP
Kuva intambara icaduka prezida Bashar al-Assad yaranse iciyumviro co kuva ku butegetsi
Prezida Assad yagumye yanka kuva ku butegetsi kuva intambara icaduka, ubu ikaba imaze guhitana abarenga 250.000; abamenyeshamakuru bakaba bavuga ko kuba amaze imisi atahukana intsinzi mu migwano bishobora gutuma arushaho kunana.