Wokwigana n'abakomeye ugendana ubumuga bwo kutumva no kubona?

Insiguro y'amajwi,

Israel Mungumwema agendana ubumuga bwo kutumva no kutabona

Israel Mungumwema; agendana ubumuga bwo kutumva no kutavuga, afise imyaka 37 akora mu bushikiranganji bw’inyigisho mu mashure y’intango, ayisumbuye na kaminuza.

Mu biro asangiye n’abandi bantu batatu, ni ho arangurira imirimo ya minsi yose nk’umujenama mu gisata co gutegekanya amafaranga ubushikiranganji bukeneye gukoresha.

Ako kazi akaba akamazemwo amezi arenga ane.

Ariko mu gushika ngaho inzira yabaye ndende kuri Israel.

Insiguro y'isanamu,

Israel Mungumwema ubu akora mu bushikiranganji bw'indero

Abicishije ku wusobanura ibimenyetso bavuganamwo, Israel Mungumwema avuga ko ubwo bumuga yaburonse buturutse kukurwara mugiga, akiri muto.

”Navutse numva kandi mvuga co kimwe n’abandi. Igihe nari mfise imyaka indwi barandungitse kw’ishure nk’abandi. Ngeza mu mwaka wa gatanu, ni co naciye ngwara ingwara ya mugiga, ni yo yanteye ubumuga bwo kutumva,” uko ni ko Israel Mungumwema asigura.

Israel ntiyigeze ahagarika amashure, mbere ageze mu yisumbuye na kaminuza yigana n’abadafise ubumuga nka we.

Avuga ko mbere yama aba mu bambere, abantu batangara , kaminuza ho ngo bahatswe kumwankira ngo ntiyoyishobora yigana n’abumva kandi bavuga na we atabishobora.

”Umuyobozi wa kaminuza akimbona yambwiye ati ’uje kwiga ngaha gute kandi atabigisha b’ibiragi dufise?’ Ariko ushatse ndashobora kukwandika, ariko ni amafaranga yawe azoba ariko arapfa ubusa, jewe ntibindaba,” uko ni ko bamubwiye muri kaminuza.

Insiguro y'isanamu,

Steve Niyongabo amurongoye yaragize amakenga bakimubwira ko bamurungikiye umukozi afise ubumuga bwo kutumva kandi ntabone

Iyo kaminuza yigengenga yayihejeje mu mwaka uheze ata ngorane n’imwe agize atangura gusaba akazi, akora ibibazo henshi ataraonka mu nyuma yiyumvira ayandi mayeri.

”Nateguye ikete ndungikira umukuru w’igihugu, nshira muri dossier ivyo amashure yose nize, mu nyuma nza mbona barampamagaye ngo nze gukora ngaha.”

Steve Niyongabo niwe ajejwe ubuyobozi bukuru bw’ubutunzi Isreal akoreramwo muri ubwo bushikranganji bw’indero.

Amakenga yagize acumva ko bamurungikiye umukozi afise ubumuga bwo kwumva no kuvuga ubu ngo yaraheze.