Ibisigarira vy'amagufa vyatowe mu ntara ya Muramvya

Amwe mu magufa yegeranijwe
Ibisigarira vy’amagufa menshi y’abantu vyatowe kuri uyu wa gatatu mu mirima y’abanyagihugu iri ku mutumba Gatebe zone Bugarama mu ntara ya Muramvya.
Ayo magufa biboneka ko yoba amaze igihe kinini, yabonywe n’abanyagihugu bo kuri uwo mutumba maze baca bahamagara abajejwe intwaro.
Buramatari w’intara ya Muramvya Emmanuel Niyungeko yabwiye abamenyeshamakuru ko amatohoza agiye gutangura kugira hamenyekane abishwe abo ari bo, ingene bangana, n’igihe vyabereyeko.
' Uriko uragendagenda muri uwo murima urabona ko hari amagufa ndetse urabona kandi ko hariho n’impuzu z’abantu biboneka ko bari bazambaye baraheza bahambwa mu buryo budahesha icubahiro umuntu. Rero biraboneka ko bashobora kuba ari abantu benshi boba barahambwe mu gihe tutaramenya neza kumbure kizomenyekana ababijejwe bamaze gufata igikorwa muntoke ', ukwo niko Niyungeko yabwiye abamenyeshamakuru.
Inzego zitandukanye zari zishikiye ahatowe ayo magufa
Ndayishimiye Yusufu, umutama w’imyaka 61 avuga ko muri ico kibanza hiciwe abantu batari bake inyuma y’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye.
' Muri kahise, duhereye mu 1994, hari abantu bakurwa mu miduga n’abasirikare ba reta bakabicira ngaha. Mbere harimwo n’umuhungu wanje. Ico gihe abo basirikare bamukuye muhira bamwicira aha nyene na bavyaranje. Uwo bahura bariko barakizura baca bamutwara ', ukwo nikwo uwo mutama abisigura.
Yusufu Ndayishimiye yibaza ko muri ivyo bisigarira harimwo ayo umuhungu wiwe yishwe mu 1994
Muri ico gikorwa co kuzura ivyo bisigazwa vy’amagufa, buramatari w’intara ya Muramvya yari yaherekejwe n’abaserukira umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR hamwe n’abo mu mugwi w’igihugu wigenga ujejwe ivy’agateka ka zina muntu.
Emmanuel Niyungeko akaba yategetse ko ata gikorwa na kimwe kizosubira kurangurirwa muri iyo mirima gushika amatohoza arangiye.