Inkino za paralympique z'abagendana ubumuga zatanguye

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Umutima utera i Maracana
Abantu ibihumbi n’ibihumbi vy’abanonotsi bagendana ubumuga ni bo bari mu birori mu kiringo c’amasaha i Maracana.
Ihiganwa ryatanguye ku musi wa kane, aho umwongereza Dame Sarah Storey ashobora kuba umunonotsi wa mbere w’umupfasoni agendana ubumuga.
Ururirimbo ruhayagiza igihugu ca Brezil rwavugijwe kuri piano na Carlos Martin, agendana ubumuga bw’ukuboko k’ukuryo, imbere y’uko haba urugendo rw’abanonotsi.
Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Ubwongereza buhanze amaso Dame Sarah Storey muri izo nkino
Igihugu cose cari citwaje ikintu canditseko ico gihugu ku ruhande rumwe, n’amasura y’abanonotsi baco kuri rundi.
Bahejeje, baciye bashira hamwe amasura y’abaje guhiganwa bose muri izo nkino za Paralympique 2016.
Ayo masura yose agiye hamwe yagize umutima utera, watanguye gutera hatanguye kuvuga umuziki.
Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Abanonotsi bagendana ubumuga 4.350 bava mu bihugu 160 bazohiganirwa imidari 528
Ikiringo gikomeye c’ivyo birori, hari igihe umuco mwinshi washwara muri iryo sinzi ry’abantu, rituma batabona umwanya muto, kugira abaje kurorera babereke isura y’abanonotsi bagendana ubumuga, aho vyabaye ngombwa ko bakoresha ubindi bihimba vy’umubiri, nko kwumva gusa.