Zanu-PF irima imfashanyo abatavuga rumwe na reta

Igice kinini c'igihugu ca Zimbabwe cugarijwe n'uruzuba Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Igice kinini c'igihugu ca Zimbabwe cugarijwe n'uruzuba

Umugambwe uri ku butegetsi muri Zimbabwe wagirizwa kwima n’impaka imfashanyo y'ibifurwa abatavuga rumwe na reta mu tururere turi mw’inzara kubera uruzuba.

Akanama k’igihugu kajejwe agateka ka zina muntu kavuga ko abagwanya umugambwe wa prezida Robert Mugabe, Zanu-PF, bababwiye ko batazopfa basubiriye kubaha imfashanyo y’ibifungurwa.

Reta gushika ubu nta co irabivugako.

Prezida Mugabe yavuze ko igihugu kiri mu kaga mu kwezi kwa kabiri, aho reta yagereranya ko abantu bazokenera imfashanyo y’ibifungurwa gushika mu kwezi kwa mbere mu 2017, bashobora gushika imiliyoni 4.

”Abayoboke b’umugambwe uri ku butegetsi ni bo ahanini bakora ivyo bikorwa vyo kwanka gutanga iyo mfashanyo y’ibifungurwa,” nk’uko umukuru w’akanama gashinzwe kwubahiriza agateka ka zina muntu muri Zimbabwe, Elasto Mugwadi, yabibwiye ibimenyeshamakuru ku mugwa mukuru, Harare, yerekana ido n’ido ry’amatohoza yagize.

Mugwabi yavuze ko abantu benshi bamaze kumererwa nabi kubera ayo mayeri, ariko nta gitigiri kanuni yatanze.

Uwufise ububasha kw’isanamu ZIMBABWE
Image caption Intara zazahajwe n'uruzuba ( Isoko: reta ya Zimbabwe, ukwezi kwa kabiri 2016)

Reta ivuga ko igice c’ababa mu gihugu hagati bafise ingorane y’inzara.

Ivyo birego, bivuye mu gisata gishirwaho n’ibwirizwa shingiro, birakomeye uravye uruhara rw’itangwa ry’imfashanyo mu myiyamamazo muri ico gihugu, nk’uko bivugwa n’umuhinga Stanley Kwenda yavuganye na BBC.

Amatora ushobora kuyatsinda canke ugatsindwa bifatiye ku kungene imfashanyo y’ibipfungurwa yatanzwe, nk’uko abandanya abivuga.

Zimbabwe kimaze imyaka ibiri kitaronka imvura, n’uyu mwaka rero gihanganye n’ingaruka ya El Nino.

Amatora ategekanijwe mu mwaka 2018.