Uriteguye gukora igishoboka cose mu kunezereza umwana wawe?

YEVETTE VAZQUEZ

Ahavuye isanamu, YEVETTE VAZQUEZ

N’ikintu abavyeyi benshi bireranye abana botegerejwe kugerageza: kwihindura umugabo canke umupfasoni kugira unezereze umwana wawe.

Ariko, uko umupfasoni umwe yavyifashemwo kugira umwana wiwe ntiyumve ko yakumiriwe mu musi mukuru wari wabaye kw’ishure iwabo wagenewe abagabo, bwashitse ku mutima abantu benshi ku mbuga ngurukanabumenyi.

Yevette Vazquez, wo mu karere ka Fort Worth, I Texas, yari ashikanye kw’ishure umwana wiwe w’imyaka 12, Elijah, aho yabona hahagaze imodoka nyinshi gusumba uko vyahora mu yindi misi.

“Namubajije igituma hari imodoka nyinshi,” uko ni ko Vazquez yanditse kuri facebook, vyaciye bikwiragizwa incuro zirenga 6.000, “Yanyishuye ko ari umusi wa Donuts”.

Uwo na wo ni umusi kuri iryo shure bigina imigenderanire umwana afitaniye na se.

YEVETTE VAZQUEZ

Ahavuye isanamu, YEVETTE VAZQUEZ

Ariko Vazquez asanzwe yireranywe umwana wenyene, ntiyashatse ko umwana wiwe w’umuhungu, asigara inyuma muri uwo musi mukuru.

Baciye basubirana inyuma na Elijah kugira yihindure isura nk’uku:

“Ndazi ko kubona abandi bagabo bari kumwe n’abana babo ko bitoroshe kuri jewe, ariko nta kundi ni ubuzima, n’imiburiburi ndashobora gukora uko nshoboye cose kugira nezereze umwana wanje,” ni ko Vazquez yanditse ku rubuga rwiwe rwa facebook.

YEVETTE VAZQUEZ

Ahavuye isanamu, YEVETTE VAZQUEZ

Kandi nta nkeka ko yabonye akamwemwe ka Elijah.

Ivyo yanditse kuri facebook, vyari bifise indanganyandiko ya #wegettingthemdonuts #noexcuses, vyanditsweko n’abantu barenga 18,000