Ingenzi 45 zakwamiye mu misozi mu Bufaransa

Abafaransa, abataliyano n'abaswisse bari kumwe mu gikorwa co gutabara
Insiguro y'isanamu,

Abafaransa, abataliyano n'abaswisse bari kumwe mu gikorwa co gutabara

Ibikirwa vyo gutabara ingenzi 45 zaheze mu modoka zica mu kirere hakoreshejwe imigozi, mu misozi ya Mont Blanc, mu Bufaransa vyatanguye kandi.

Mw’ijoro ryo ku wa kane, izo ngenzi zaraye mu mbeho nyinshi aho baheze hejuru y’urubura ku metero 3.800, hejuru ku musozi.

Bari mu bandi 110 bari baheze mu kirere inyuma y’aho izo modoka zo mu kirere zikwamiye.

Bivugwa ko izo modoka zanse kugenda inyuma y’aho imigozi zigenderako ifataniye bivuye ku muyaga mwinshi.

Insiguro y'isanamu,

Utwo tuduga duca mu kirere ku migozi dufasha ingenzi kubona neza hirya no hino mu misozi ya Mont Blanc

Abantu 65 batabawe hakoreshejwe kajugujugu ku musi wa kane, ariko ivyo bikorwa biza guhagarikwa, kubera igipfungu cinshi.

”Vyabaye ngombwa ko duhagarika ibikorwa vyo gutabara kubera umutekano,” ni ko Georges Francois Leclerc, umukuru w’ibikorwa vyo gutabara muri Haute-Savoie yavuze.

”Turizeye ko tuzosanga bose bagikomeye ku wa gatanu mu gitondo,” anongera ko ko ari akazi katoroshe.

Insiguro y'isanamu,

Abahejeje gutabarwa bariko barashika mu Butaliyano ku musi wa kane