Batatu bazize isanganya rya gariyamoshi muri Espagne

Igice c'imbere ca gariyamoshi hagufi y'igituro ca O Porrino

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Igice c'imbere ca gariyamoshi hagufi y'igituro ca O Porrino

Abantu batatu bapfuye igihe igariyamoshi yatembagara hagufi ya Porrino mu buraruko bushira uburengero bwa Espagne ku musi wa gatantu.

Abantu 60 ni bo bari mw’igariyamoshi ya Portugal igihe yatembagara isaha 09:30 zo muri ico gihugu (07:30GMT) hagufi y’igituro kiri mu gisagara, nk’uko vyandikwa mu kinyamakuru ca El Pais.

Kimwe mu bice bigize igariyamoshi cavuyeko cose, ikindi nticavuyeko cose.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Aho isanganya ryabereye

Abakozi bajejwe gutabara vyihuta bshitse aho iryo sanganya ryabereye.

O Porrino ni mu bumanuko bw’igisagara ca Galician, I Vigo, ku rubibe Espagne ihana na Portugal.

Mu kwezi kw’indwi umwaka wa 2013, muri Espagne harabaye isanganya rikomeye cane muri ako karere nyene, aho igariyamoshi yiruka cane yatembagara hagufi ya Santiago de Compstela, hapfa abantu 79, hakomereka abashika 170.

Umudereva yarananiwe gugabanya umuriro igihe yari ashitse mw’ikorosi.

Mw’isanganya ryo ku wa gatanu, biboneka ko igariyamoshi yatsitaye ku kiraro yegereje ikorosi, nk’uko bivugwa na El Pais.

Umudereva w’umunye Portufal ari mu bitavye Imana.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Aho isanganya ryabereye

Iyo gariyamoshi n’iyo ishirahamwe Comboios ryo muri Portugal, kandi yariko iraca mw’ibarabara rya Vigo-Oporto.

Abahakomerekeye ntibaramenyekana, ariko El Pais ivuga ko hari abantu bashoboye kuva muri iyo gariyamoshi yononekaye cane.