Ubushinwa n'Uburusiya mu myimenyerezo ya gisirikare

Ubushinwa buvuga ko akarere k'ibahari ryo mu bumanuko kabwegukira

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Ubushinwa buvuga ko akarere k'ibahari ryo mu bumanuko kabwegukira

Ubushinwa n'Uburusiya vyatanguriye hamwe iminsi umunani y'imyimenyerezo y'igisirikare kirwanira mu mazi, mu karere k'ibahari ry'ubumanuko bw'Ubushinwa.

Ubushinwa buvuga ko iyo myimenyerezo, irimwo n'igikorwa co kwigana ifatwa ry'izinga, ari imyimenyerezo isanzwe.

Ni ubwa mbere ibereye mw'ibahari ry'ubumanuko bw'Ubushinwa, aho ico gihugu kivuga ko hacegukira ariko ibihugu bibanyi bikavyiyamiriza.

Uburusiya nico gihugu conyene c'igihangange cashigikiye Ubushinwa, igihe sentare mpuzamakungu yavuga ko Ubushinwa butari mu kuri mu kwigarurira ako karere, mu kwezi kw'indwi.