UK: Abashingamateka bipfuza ko urumogi rukoreshwa nk'umuti

Ahavuye isanamu, THINKSTOCK
Umugwi umwe w’abashingamateka mu Bwongereza wasavye ko abantu borekurirwa gukoresha urumogi ku mpamvu yo kwivuza.
Uwo mugwi urimwo abashingamateka bava mu migambwe itandukanye, basaba ko hoba ibihidurwa mu gukoresha imiti, wavuze ko hari ibimenyetso vyerekana ko urumogi ruvura zimwe mu ngwara, harimwo ububabare burenze urugero hamwe no kwamana umutima uhagaze.
Abo bashingamateka bavuga ko abantu ibihumbi n’ibihumbi ubu barenga ku mategeko mu gukoresha urumogi nk’umuti.
Ariko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko gushika ubu ata migambi yo kurekura abantu ngo bakoreshe uwo muti.
Ico catsi c’urumogi gifise ubumara bwababa 60.
Abo bashingamateka bashaka ko rero yokura urumogi ku rutonde rwa mbere ruje ku nimero zine.
Kuri urwo rugero harimwo iyindi miti nka vitamine canke iyindi igabanya ububabare.
Ivyo vyotuma umuganga ashobora kwandikira umugwayi umuti w’urumogi.
Ikigo kijejwe amagara y’abantu kiragabisha ko urumogi rwonona vy’inshi mu mubiri, harimwo kugabanya ubushobozi bw’umuntu bwo kugendesha imodoka, kwonona mu mutwe, kugabanya ubushobozi bwo kuvyara hamwe n’amagara y’abana bataravuka.
Ibice 9% vy’abamenyereye urumogi ntibashobora kuryama bataruronse, ivyo bice si bike n’aho biri musi y’ivyo itabi 32% hamwe n’inzoga 15%.
Ahavuye isanamu, SPL
Ariko abo bashingamateka bavuga ko bacihweza ubuhamya bwatanzwe n’abagwayi 623, hamwe no kuganira n’abahinga bo mu bihugu vyinshi kw’isi, bakaba bamaze kubona ko urumogi rushobora gukoreshwa nk’umuti.
Ikoreshwa ry’urumogi nk’umuti birarekuwe mu ntara 24 uri Amerika co kimwe no muri Israel na Canada.
Hari n’ibindi bihugu 11 bimaze kwemerera abanyagihugu bavyo gukoresha urumogi mu kwivuza.