Amatohoza ku kigo ca Trump cegeranya imfashanyo

Ahavuye isanamu, AP
Hari amatohoza ariko arakorwa ku mahera Trump yahaye umushikirizamanza wo mu ntara ya Florida (aha i bubamfu).
Umushikirizamanza w’intara ya New York yavuze ko ariko aragira amatohoza ko ikigo ca Donald Trump cegeranya imfashanyo kidakorera mu muco.
Eric Scheneiderman yavuze ko ibiro vyiwe bishaka kuraba neza ko ico kigo ciwe gikurikiza amategeko agenga mwene ivyo bigo I New York.
Ikigo ca Trump caranebaguwe cane mu bimenyeshamakuru.
Abafasha Trump mu kwiyamamaza bagirije Schneiderman w’umudemokrate, kugira uruhande yegamiyeko.
Uwo mushikirizamanza yashigikiye uwuhanganye na Trump mu matora y’umukuru w’igihugu, Hillary Clinton.
Umuvugizi wa Trump mu myiyamamazo, Jason Miller yavuze ko Schneiderman amaze imyaka n’imyaka apfunze amaso ku bikorwa vy’ikigo cegeranya imfashanyo ca Clinton.