Hillary Clinton arakomeye

Abaganga bavuga ko Hillary Clinton akomeye kandi ashobora gutwara Amerika

Ahavuye isanamu, REUTERS

Insiguro y'isanamu,

Abaganga bavuga ko Hillary Clinton akomeye kandi ashobora gutwara Amerika

Hillary Clinton afise amagara meza kandi ashobora gukora akazi k’umukuru w’igihugu, nk’uko vyamenyeshejwe n’umuganga wiwe, igihe herekanwa urupapuro rwiwe rwo kwa muganga.

Iryo tangazo rivuga ko amagara y’umukandida mu matora y’umukuru w’igihugu ku ruhande rw’abadempokrate, abandanya kuba meza, inyuma y’ingwara y’umusonga.

Ivyo vyerekanywe inyuma y’aho uwo bahanganye Donald Trump yerekaniye urupapuro rwerekana uko amagara yiwe yifashe.

Abafasha b’umupfasoni Clinton bavuga ko bazosubira mu myiyamamazo ku musi wa kane, inyuma y’aho afatiwe n’ingwara imbere y’isinzi ry’abantu mu mpera z’indwi iheze.

Abakandida bose, harimwo n’uwufise imyaka myinshi kurusha abandi bose bari bamaze kwitoza kurongora Amerika, bari bamaze imisi bahatirwa kwerekana ivyerekeye amagara yabo.

Ikibazo c’amagara caragarutse mu myiyamamazo y’amatora yimirije mu kwezi kwa cumi na rimwe, kuva aho umupfasoni Clinton w’imyaka 68 agwariye, ari mu myiyamamazo itariki 11 z’ukwezi kw’icenda I New York ku musi w’Imana.

Donald Trump mu kiganiro The Dr Oz asigura ivyerekeye amagara yiwe

Ahavuye isanamu, SONY

Insiguro y'isanamu,

Donald Trump mu kiganiro The Dr Oz asigura ivyerekeye amagara yiwe

Abajejwe ibikorwa vyo kwiyamamaza bavuze ku musi wa gatatu ko kwa muganga basanze akomeye.

Dr Lisa Bardack yavuze ko umupfasoni Clinton ariko aratora mitende, akaba ariko arafata imiti ya “ antibiotique yongera aruhuka”.