Umwana yemerewe gupfa mu Bubirigi amaze kuvyisabira

Guhitamwo gupfa
Insiguro y'isanamu,

Ububirigi nico gihugu conyene cemerera abana b'imyaka iyo ariyo yose guhitamwo gupfa, iyo barwanye indwara idakira

Umwana mu gihugu c'Ububirigi bivugwa ko yafashijwe gupfa, bukaba ari ubwa mbere kuva hatowe itegeko ryemerera gusaba kwicwa, abana barwaye ubudakira.

Ibitangazamakuru vyo mu Bubirigi bivuga ko imyaka y'uwo mwana itazwi canke igitsina ciwe, ngo ariko yararwaye indwara idakira.

Ububirigi nico gihugu conyene kw'isi cemerera abana batarashika mu bigero bafise imyaka iyo ariyo yose, guhitamwo kupfa.

Iryo tegeko ryatowe mu kwezi kwa kabiri 2014, ryateje impari nyinshi cane muri ico gihugu co kimwe no hanze.

Mu Buholandi, abana bafise imyaka irenga cumi n'ibiri bemerewe guhitamwo gupfa iyo barwaye indwara idakira.