Igipolisi c'Ubufaransa mu gikorwa c'umutekano i Paris

Ahavuye isanamu, AP
Abajejwe intwaro bavuga ko nyuma y'igikorwa gikomye c'igipolisi i Paris, baje gusanga ata kibazo c'umutekano gihari
Igipolisi c'Ubufaransa cakoze igikorwa gikomeye c'umutekano hagati mu muji wa Paris ariko mu nyuma baza gusanga ivyo bikanze atarivyo.
Abantu bari baburiwe ngo bigire kure y'amangazini mu gice co hagati mu muji, nyuma y'amakuru yavuga ko habaye ukurasana hamwe no gufata abantu ingwate mw'isengero.
Abajejwe intwaro bavuga ko ico gikorwa ubu carangiye ngo akaba ata ngora n'imwe ihari.