Ihagarikwa ry'imirwano ryaheze muri Syria

Ahavuye isanamu, Reuters
Indege z'ingwano z'igisirikare ca Syria zasubiye kurasa Aleppo
Indege z'ingwano za Syria zatanguye gukororera ibisasu ku muji wa Aleppo, nyuma y'amasaha make igisirikare gitangaje ko ihagarikwa ry'imirwano ryaheze.
Igisirikare ca Syria cashize amakosa ku barwanyi mu kuvuga ko barenze ku mwumvikano, abarwanyi nabo bagiriza leta kurenga ku masezerano yo guhagarika imirwano.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika ivuga ko iriko irakora ibishoboka ngo ihagarikwa ribandanye, rikaba ryumvikanywe hamwe n'Uburusiya.
Ariko yahamagariye Uburusiya gutomora neza aho buhagaze ku vyatangajwe na Syria.