Abimukira mu nama yabo i New York bavuga ko bahenzwe

Abimukira bavuga ko indoto y'ubuzima bwiza yacitse ikinyoma

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abimukira bavuga ko indoto y'ubuzima bwiza yacitse ikinyoma

Inama ikomeye y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU yiga ku kibazo c'impunzi n'abimukira, yatanguye i New York muri Amerika.

Abayitavye bavuze ko indoto abimukira bari bafise ya kazoze keza yacitse ikinyoma.

Umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimuikira, Eni Lestari Andayani Adi, yavuze ko bagwa mu madeni adahera, kugurishwa, guhendwa bakagirwa abacakara hamwe no kwimwa uburenganzira bwa muntu busanzwe.

Insiguro ya video,

Ikibazo c'impunzi n'abimukira cifashe gute kw'isi mu gihe habera inama i New York?

Abategetsi bo hirya n'ino kw'isi bitavye iyo nama bemeye gukemurana ubuntu ikibazo c'impunzi.