Uburusiya bwagirizwa igitero muri Syria

Ibisigarira vy'imodoka zagizweko ibitero

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Ibisigarira vy'imodoka zagizweko ibitero

Amerika ivuga ko indege z’intambara z’Uburusiya zifise uruhara mu bitero vyagizwe ku modok zijanye imfashanyo mu gihugu ca Syria ku musi wa gatatu, bituma abantu Babura ubuzima.

Abategetsi ba Amerika babwiye BBC ko indege zibiri z’intambara z’Uburusiya zo mu bwoko bwa SU-24 zari mu kirere, zitumberanye n’urwo rukurikirane rw’imodoka zijanye imfashanyo, igihe haba ivyo bitero.

Ariko Uburusiya bwahakanye ko izo ndege zitari izabo kandi ko Atari n’iza Syria, ico gikorwa baca bacagiriza abarwanye reta ya Syria n’ibigwanisho.

Ahavuye isanamu, RUSSIA'S DEFENCE MINISTRY/REUTERS

Insiguro y'isanamu,

Amerika yagiriza Uburusiya kugira ibitero ku modoka zitwaye imfashanyo muri Syria

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya bwavuze ko indege zabo zitagira umudereva zariko zirakurikirana urwo rukurikirane rw’imodoka, ariko kamera zazo zikaba zazimye imbere y’uko ivyo bitero biba.

Ico gitero co kumusi wa mbere cabaye inyuma y’amasaha Atari make Syria itangaje koi maze indwi ihagaritse intambara.