Uburundi buriyamiriza icegeranyo ca Onu ku gateka ka zina muntu

Imishamirano yadutse mu Burundi bimaze kumenyekana ko prezida Pierre Nkurunziza azosubira kwitoza
Image caption Imishamirano yadutse mu Burundi bimaze kumenyekana ko prezida Pierre Nkurunziza azosubira kwitoza

Reta y’uburundi iratangazwa n’uko inyishu yatanze ku cegeranyo c’abahinga baje kugira amatohoza kw’ihutazwa ry’agateka ka zina muntu, zitashizwe muri ico cegeranyo.

Uburundi buvuga koi co cegeranyo cuzuyemwo ububeshi, kandi bakavuga ko babibwiwe n’abantu.

Willy Nyamitwe ashinzwe kumenyekanisha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu aramirira kure ico cegeranyo.

“Wewe wofata gute umuntu yaje kugira amatohoza, atagira ayo matohoza ahubwo aca yisunga ivyo yabwiwe n’abantu ngo bamwe bamwe bo ngaha mu Burundi, abandi ngo bagiye kubasanga mu Rwanda, abandi mu Buganda. Murumva rero ko ivyo abantu bababwira bidashobora kuba ibintu vy’ifatiro kugira ngo ugire icegeranyo cumvikana,” uko ni ko Willy Nyamitwe avuga.

Uwo ajejwe kumenyekanisha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu aribaza kandi ingene icegeranyo ata ho cegamiye c’impapuro 25, ata na hamwe kivuga uruhara rw’Urwanda mu guhungabanya amahoro mu Burundi.

Ico cegeranyo kandi ngo nta co kivuga ku bantu bishikanye n’abafashwe bagiye baravuga ababatumye, n’ico bashaka gushikako.

Image caption Willy Nyamitwe avuga ko icegeranyo ca Onu ata co kivuga kuvyo Uburundi bwashikirije

Willy Nyamitwe avuga ko :“Abarasa mu makaritiye barazwi, abica abantu bagata ibiziga vyabo mu mabarabara barazwi, abashatse gutembagaza reta barazwi, abiyemereye bo nyene ku maradiyo no ku mboneshakure ko ari bo batera amagrenade hirya no hino yishe abantu batari bake barazwi. Ariko nta na hamwe muri ico cegeranyo ushobora kubona amazi yabo.”

Abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu Onu barungitswe mu Burundi kugira amatohoza, basaba ko hogira igikorwa kuco bise ihungabanya ryeruye kandi rigwiriye ry’uburenganzira bw’ikiremwa muntu.

Icegeranyo c’uwo mugwi w’abahinga cerekana ko uburenganzira bwa kiremwa muntu bwoba bwarahungabanijwe bikomeye, cane cane n’abari mu nzego za reta.

Ubugizi bwa nabi bwatanguye mu kwezi kwa kane umwaka uheze, igihe prezida Nkurunziza yashigwa imbere n’umugambwe wiwe wa CNDD-FDD, ngo asubire kwitoza kurongora Uburundi.