Ibitero vy'indege kw'ivuriro muri Syria

Ico gitero kibaye inyuma yicaraye kigizwe ku modoka zitwaye imfashanyo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ico gitero kibaye inyuma yicaraye kigizwe ku modoka zitwaye imfashanyo

Igitero c’indege cagizwe ku gitero hagufi ya Alep yahitanye abakozi bane b’ishirahamwe rivura abantu, nk’uko bivugwa n’abaharanira agateka ka zina muntu.

Iryo shirahamwe ryo mu Bufaransa, Medical Care and Relief Organization(UOSSM), rivuga ko bigaragara koi co gitero cagizwe cagambiriwe.

Abagwanyi icenda na bo bishwe, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu muri Syria.

Ico gitero kibaye inyuma y’umusi umwe, habaye igitero ku rukurikirane rw’imodoka zitwaye imfashanyo mu micungararo y’iryo vuriro.

Amerika yagiriye Uburusiya ko ari bwo bwagize ico gitero co ku musi wa mbere, casambuye amakamyo 18, cica abanyagihugu 20, bakavuga ko coba ari nk’icaha co mu ntambara.

Ariko Uburusiya bwabihakanye bwivuye inyuma ko ata ndege zabwo canke iza Syria zagize uruhara muri ico gitero, ko abakigize ari abagwanira ku butaka, atari ibitero vyo mu kirere.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ikibanza catewe bombe

Ivyo bitero bibiri vyikurikiranya ntivya “ntivyabaye guturumbuka” nk’uko Dr Zaydoun al Zoubi arongoye UOSSM yabibwiye BBC.

“Hari umuntu ariko agerageza kubwira twebwe dutanga imfashanyo ko dukwiye gukura meza muri Syria, ko ari twebwe duhigwa kandi ko tuzicwa,” ni ko yavuze.

Ibindi vyashitse bidasa n’ivyo , indege y’intambara ya Syria yakorokeye mu buraruko bwa D amas, nk’uko bimenyeshwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu muri Syria, rifise icicaro mu Bwongereza.

Umuhari wa Islamic State wavuze ko iyo ndege yariko iragira ibitero ku birindiro vyabo, ariko ntiwavuze ko ari wo wayikoroye.

Uwufise ububasha kw’isanamu RUSSIA'S DEFENCE MINISTRY/REUTERS
Image caption Ivyo bitero vyagirizwa indege z'uburusiya

Ntiharamenyekana uwagize ico gitero kuri iryo vuriro riri mu gisagara kigenzurwa n’abagwanyi ca Khan Touman, ku wa kabiri mw’ijoro.

Ishirahamwe rya Syria Observatory rivuga ko zishobora kuba ari indege z’abarusiya canke za reta ya Syria zakoze ico gitero, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters.