USA: Ibihe bidasanzwe mu gisagara ca Charlotte

Imyiyerekano yatanguye mu mutekano ivamwo imishamirano mu nyuma

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Imyiyerekano yatanguye mu mutekano ivamwo imishamirano mu nyuma

Umukuru w’intara ya Caroline ya ruguru yashizeho ikiringo c’ibihe bidasanzwe mu gisagara ca Charlote, mu gihe hakibandanya imishamirano hiyamirizwa igipolisi cishe umuntu w’umwirabure.

Imidurumbanyo yabandanije mw’ijoro rigira kabiri inyuma y’aho Keith Lamont Scott yiciwe arashwe n’umupolisi ku musi wa kabiri.

Umwe mubari mu myiyerekano arababaye cane inyuma y’aho abanyagihugu barasanye hagati yabo, nk’uko ico gisagara ki bimenyesha.

Scott abaye umwirabure agira gatatu yishwe n’igipolisi mu kiringo c’indwi imwe.

Ubwo bwicanyi bwatumye haba imyiyerekano ikomeye mu misi iheze.

Abapolisi bane ni bo bamaze gukomerekera muri iyo mishamirano

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Abapolisi bane ni bo bamaze gukomerekera muri iyo mishamirano

Igipolisi kigwanya imigumuko mu gisagara ca Charlotte cakoresheje ivyuka bikoroza amosozi mu guhangana n’abantu amajana n’amajana bari mu myiyerekano.

Igipolisi co muri ico gisagara kimenyesha ko abapolisi bane ari bob amaze gukomereka.

Umukuru w’intara ya Carolina ya ruguru, Pat McCrory, yari yamenyesheje ko “yatanguje utwigoro” two kwongereza abajejwe umutekano, no gukizura ku mabarabara makuru mu guhangana n’abari mu myiyerekano.

“Ntidushobora kwihanganira ubwicanyi. Ntidushobora kwihanganira isamburwa ry’ibintu kandi ntidushobora kwihanganira ibitero bigirwa ku gipolisi cacu biriko biraba muri iki gihe,” uko ni ko yabwiye CNN.

Abari mu myiyerekano bababajwe n’iyicwa rya Scott w’imyaka 43, arashwe n’igipolisi kw’igorofa ririmwo amazu menshi, harinze kuba impair.

Incuti n'ababanyi bavuga ko Scott yarashwe ariko arasoma igitabo

Ahavuye isanamu, REUTERS

Insiguro y'isanamu,

Incuti n'ababanyi bavuga ko Scott yarashwe ariko arasoma igitabo

Igipolisi cari kizanye umutahe wo guhagarika uwundi muntu, igihe Scott ngo yaca ava mu modoka afise inkoho ntoya.

Abategetsi bavuga ko bamusavye incuro nyinshi gushira hasi iyo nkoho imbere y’uko bamurasa, ariko umuryango wiwe uvuga ko yariko arasoma igitabo, igihe yari arindiriye umwana wiwe w’umuhungu yategerezwa gutahanwa n’imodoka y’ishure.

Video y’uko ibintu vyagenze iraza kwerekwa umukuru w’igisagara ca Charlotte ariko ntiyerekwa abanyagihugu “muri iki gihe”, nk’uko bimenyeshwa n’igisagara.