Ngo "Nta genocide iriko iraba mu gihugu c'u Burundi"

Insiguro y'amajwi,

Jean Luc Ndihokubwayo avuga ko mu Burundi ata genocide y'abatutsi iriko iraba

Kuva kuri uyu wa gatatu, Jean Luc Ndihokubwayo wo bwoko bw'abatutsi yatanguye kugira imyiyerekano imbere y'ibiro vya Onu mu Burundi yiyamiriza abavuga ko hagiye kuba genocide y'abatutsi.

Abandi bantu uyu musi baje kumufata mu mugongo imbere y’ ubwp buserukizi bwa Onu, bakaba baniyamiriza icegeranyo c’ abahinga b’iryo shirahamwe giherutse gusohoka bavuga ko kirimwo ibinyoma.

Bimwe mu vyandiko bari bitwaje bivuga ko biyamirije ingendo ya ONU yo guhuvya , ko ngo hagiye kuba genocide mu Burundi.

Jean Luc Ndihokubwayo, Umwe mu baserukira abo bantu, yari yatanguye iyo myiyerekano ari we nyene ejo ku musi wa gatatu, avuga ko n’aho benshi mubaje kwifatanya na we uyu musdi ari abatutsi n’ abahutu babaherekeje.

Bamwe mubari baje gushigikira Jean Luc Ndihokubwayo bitwaje ivyandiko bihakana ko hagiye kuba genocide y'abatutsi
Insiguro y'isanamu,

Bamwe mubari baje gushigikira Jean Luc Ndihokubwayo bitwaje ivyandiko bihakana ko hagiye kuba genocide y'abatutsi

Kuri we , ngo abo bahinga ba Onu barabeshe baradoboza kuko ngo nta genocide iriko irakorerwa abatutsi mu Burundi nkuko ico cegeranyo kibivuga.

Jean Luc Ndihokubwayo kandi avuga ko biyamiriza abanyepolitike bamwe bamwe bihaye ububasha bwo kuvugira abatutsi kandi ari abahutu.

Abahinga b'ishirahamwe mpuzamakungu Onu barungitswe mu Burundi kugira amatohoza, basaba ko hogira igikorwa kuco bise ihungabanya ryeruye kandi rigwiriye ry'uburenganzira bw'ikiremwa muntu.

Icegeranyo c'uwo mugwi w'abahinga cerekana ko uburenganzira bwa kiremwa muntu bwarahungabanijwe bikomeye, cane cane n'abari mu nzego za reta.

Ubugizi bwa nabi bwatanguye mu kwezi kwa kane umwaka uheze, igihe prezida Nkurunziza yashigwa imbere n'umugambwe wiwe wa CNDD-FDD, ngo asubire kwitoza kurongora Uburundi.