ONU isaba leta ya Kongo kworosha mu guhasha abiyerekana

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
ONU isaba abajejwe intwaro muri Kongo kuva mu bibanza bituma guhangana bikomera
Umukuru w'urwego rujejwe agateka ka zina muntu mw'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, yasavye leta ya Kongo kworosha mu guhangana n'abigaragamvya.
Zeid Ra'ad Al Hussein avuga ko abajejwe intwaro muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo bakwiye kuva mu bibanza bituma haba uguhangana kwa cane kugira ikibazo corohe.
Abantu bashika ku mirongo itanu, bagizwe ahanini n'abashigikiye abatavuga rumwe na leta, bivugwa ko bamaze gusiga ubuzima mw'itana mu mitwe ku murwa mukuru Kinshasa muri ino ndwi.
ONU ivuga ko bashobora kuba basumvya ico gitigiri cane.
Umuganwa Zeid yiyamirije ikoreshwa ry'inguvu ikirenga hamwe no guturirwa kw'ibiro bikuru vy'imigambwe myinshi.