Al Shabaab yagavye igitero ku bapolisi muri Kenya

Ahavuye isanamu, AFP
Al Shabaab igaba ibitero muri Kenya mu kwihora ku kurungika ingabo z'ico gihugu muri Somalia
Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam wo muri Somalia, Al Shabaab, wagavye igitero ku kirindiro c'abapolisi hakurya y'urubibe mu gihugu ca Kenya.
Leta ya Kenya ivuga ko abapolisi babiri baburiwe irengero, mu gihe Al Shabab ivuga ko yishe abapolisi batandatu.
Abanyagihugu baba hafi babariye BBC ko abagavye ico gitero barushije inguvu abo bapolisi, bagenda babatwaye umuduga hamwe n'ibirwanisho.
Al Shaba iramaze kugaba ibitero muri Kenya inshuro nyinshi, ikavuga ko ari ukwihora ku gikorwa Kenya yakoze co kurungika abasirikare muri Somalia mu 2011, bagiye kurinda urubibe ibihugu vyombi bisangiye.