Ububirigi n'Ubufaransa vyateranye amajambo kubera impunzi

Abimukira n'impunzi nyinshi barinjiye mu Bubirigi kuva hatanguye ibibazo muri Syria n'uburaruko bwa Afrika
Insiguro y'isanamu,

Abimukira n'impunzi nyinshi barinjiye mu Bubirigi kuva hatanguye ibibazo muri Syria n'uburaruko bwa Afrika

Ubufaransa bwiyamye bwivuye inyuma Ububirigi nyuma y'aho abapolisi babiri b'Ababigiri bafatiwe binjiza mu Bufaransa abimukira 13 badafise uruhusha.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati, Bernard Cazeneuve, yahamagaye kuri letefone mugenzi wiwe w'Ububirigi, Jan Jambon, anagirana iciswe ikiyago kidacisha ku ruhande n'uwuserukiye Ububirigi mu Bufaransa.

Abo bapolisi b'Ababirigi bamaze gufatwa, babariye igipolisi c'Ubufaransa ko bagize ikigongwe bahuye n'abo bimukira bari bamaze kwirukanwa mu gihugu.

Aho kubasiga mu mpande z'ibarabara, abo bapolisi bafashe ingingo ya kubunguruza, ariko basanga barenganye urubibe kure.