ONU yashoboye gushikana imfashanyo mu muji wo muri Syria

Ahavuye isanamu, EPA
ONU ivuga ko yashoboye gushikana imfashanyo i Moadamiya muri Syria
Urukurikirane rw'imiduga itwaye imfashanyo ya ONU rwashoboye gushika mu muhana wa Moadamiya uri mu muji wa Damas, usanzwe ugoswe.
Ibifungurwa hamwe n'ivyo kwifashisha mu ngorane bigenewe abantu ibihumbi mirongo ine vyapakuruwe, bukaba ari ubwa mbere imfashanyo ishika aho yari igenewe kuva habaye igitero kuwa mbere ku miduga nk'iyo i Aleppo.
Uwurongoye ibikorwa vy'ubutabazi vya ONU muri Syria, Jan Egeland, yavuze ko leta ya Syria ubu iriko iratanga izindi mpusha.
Bwana Egeland yatakambiye umukuru w'igihugu ca Syria, Bashar al-Assad, ngo yemere ko urukurikirane rw'amakamyo mirongo ine arindiriye Aleppo, yemererwe kwinjira avuye ku rubibe rwa Turkiya, avuga ko indya zirimwo zizononekara kuwa mbere.