Ubutumwa bw'abakoresha Yahoo bwaribwe

Ahavuye isanamu, FLICKR
Icicaro gikuru ca Yahoo
Urubuga rwa Yahoo rwemeje ko abasuma bivye amabanga y’abantu barenga imiliyoni amajana atanu bakoresha urwo rubuga.
Yahoo yavuze ko izi neza ko ubwo busuma bwo ku rubuga ngurukanabumenyi bwo mu myaka 2014 bwafashwe mu mugongo na reta.
Ivyanditswe vyaribwe harimwo n’amazina, mail z’abantu, inimero za telefone hamwe ijambo ry’ibanga ryo kwugurura mail(Password).
Ariko abo basuma ntibakomakomye amakarata yo kurihirako n’inkuru zijanye n’amabanke.
Abakoresha urwo rubuga rwa Yahoo bahanuwe guhindura amajambo y’ibanga (Password) yabo, kugira ntibasubire kubiba.