Jeremy Corbyn yongeye gutsinda kuyobora 'Labour'

Ahavuye isanamu, None
Jeremy Corbyn yatsinze Owen Smith
Mu Bwongereza abanywanyi b'umugambwe 'Labour' bongeye gutora umukuru wawo Jeremy Corbyn inyuma y'aho abategetsi mu mugambwe bamwiyamirije.
Corbyn yanongereje igitigiri c'abamushigikiye, aho yashikanye 62%, aho uwo bahiganwa , Owen Smith amuri kure cane.
Abenshi mu bashingamateka ba 'Labour' bifuza ko yokura meza kuko bibaza ko atazobashikana ku ntsinzi mu matora.
Inyuma yo kumenya ivyavuye mu matora, bwana Corbyn yasavye abanywanyi bose b' umugambwe wiwe, harimwo n'abashingamateka bamwiyamirije, kumuja inyuma bakunga urunani.
Abahagararoiye amashirahamwe aharanira inyungu z'abakozi bbaye abambere kumukeza kuriiyoi ntsinzi yiwe, ariko bavuga ko uwo mugambwe igifise ibibazo.