US: Abarashwe Burlington bageze kuri 5

Amakuru ya kare yavuga ko ari abagore bane bishwe Burlington, ariko mu nyuma biza kuvugwa ko n'umugabo yari yakomeretse cane kubera amasasu, nawe yapfuye amaze gushika mu bitaro.
Igipolisi kimenyesha ko kiriko kirarondera uwoba yarashe abo bantu, yaciye ahungira ku km 100 mu buraruko bwa Seattle.
Polisi kandi yatangaje amasanamu ya video y'uwokekwa, bavuga ko yoba aturuka muri Amerika y'ubumanuko.
Abatwara imodokari basabwe kwirinda kuzibira amabarabara makuru makuru yo hafi yaho.
Igipolisi kijejwe ipererza ku rwego rw'igihugu FBI, kivuga ko ata bimenyetso vyerekana ko hari ibindi bitero biteganijwe , ariko kigashigikira ko hakorwa iperereza.