ONU iratabariza umuji wa Aleppo

Ahavuye isanamu, Reuters
Ibice bibamwo abanyagihugu muri Aleppo bisamburwa n' indege za Leta
Jan Egaland avuga ko ibisasu biriko biraterwa mu banyagihugu baba mu turere twifatiwe n'abarwanyi mu muji wa Aleppo bitegerezwa guhagarara, kugirango bahe inzira infashanyo zikeneye kugemurwa muri utwo duce.
Ibitero vy'indege vya Syria n'Uburusiya vyongeye gukomera, kuva aho agahengwe kari katanzwe, Uburusiya na Leta zunze Ubumwe za Amerika bibanje kuvyumvikana, gahagararitse kubahirizwa.
Abatanga infashanyo bakomeza gutanga amakuru yerekana umwiheburo, bavuga uko ibintu bikomeza kuyangara uko umwanya ugenda.
Bavuga ko hakiri abantu bagomye mu bihomoka vy'amazu yasambutse ariko ata bakozi bakwiye bo kubafasha kubavanayo.