Uwukekwa ko yarashe iBurlington yafashwe

Ahavuye isanamu, EPA/WASHINGTON STATE PATROL
Kurasa kwabereye mu nyubakwa y'amaduka ya Burlington kwahitanye abantu 5
Uwukekwa ko yarashe mu gisagara ca Burlington ni Arcan Cetin, w'imyaka 20 yavukiye muri Turkiya, akaba yafashwe ariko agenda mw'ibarabara.
Umwe mu bapolisi bamufashe yavuze ko ata kirwanisho yari afise kandi vyaboneka ko yari nk'akaheze.
Ahavuye isanamu, Reuters
Arcan Cetin
Icoba caratumye ico gitero kiba mu nyubakwa y'amaduka ya Burlington n'ubu ntikiramenyekana.
Igipolisi kivuga ko uwukekwa ata sano ubwo bwicanyi bwa Burlington bifitanye n'imigwi y'iterabwoba, ariko ngo ngo ntibakuramwo gukeka ko rishobora kuba iterabwoba.