Ubufaransa ngo bwahemukiye abanya Algeria

Perzida Francois Hollande Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Perezida Francois aremeza ko Ubufaransa butafashe neza namba Abanya Algeria babufashije kurwanya ukwikukira kw'ico gihugu

Abanya Algeria b'abakorerabushake bagera ku bihumbi icumi, bari bazwi nk'aba "harkis", bishwe bazira ko bahemukiye igihugu, igihe Abafaransabaviriye muri Algeria.

Abashoboye kuja mu Bufaransa bashizwe mu makambi.

Mu birori vyo guhimbaza umunsi wahariwe abakorerabushake muri Bufaransa, perezida Hollande yavuze ko Ubufaransa bwakosheje ku bijanye n' uburyo abo banya Algeria bafashwe.

Abana bakomoka kuri abo basirikare b'abakorerabushake bakomeje gusaba ubutungane kuva kera.