Ibice bimwe vya Syria vyaronse infashanyo

Ibice bimwe vya Syria vyaronse infashanyo Uwufise ububasha kw’isanamu ICRC
Image caption ONU ivuga ko abanya Syria 600,000 bacugaraniwe mu bice 18 vya Syria

Imakamyo agera ku 71 yashikanye infashanyo mu miji ya Madaya, Zabadani no hafi ya Famasiko, ndetse no mu miji ya Foah na Kefraya mu ntara ya Idlib, iri mu minwe ya leta.

Muri izo nfashanyo zirimwo ibifungurwa, imiti hamwe n'ibikoresho vy'isuku bikwiye abantu 60,000.

Mu ndwi iheze, ishirahamwe mpuzamakungu ryahagaritse kugemura infashanyo mu masaha 48, inyuma y'aho urukurikirane rw'imodokari zabo zari zigemuye ibifungurwa, rugabiweko igitero.

Leta zunze Ubumwe za Amerika n'Uburusiya, bishigikiye impande zihanganye muri iyio ntambara, bikomeza gutungana agatoke ku woba yaragavye ico gitero.

Ivyo vyabaye agahengwe kari katanzwe kamaze indwi, igihe ingabo za leta zasubira kumijagira ibisasu ku muji wa Aleppo.

Umurwi ukwirikirana ibibera muri Syria umenyesha ko ingabo za leta zongeye kugaba ibitero vy'indege mu buraruko bwa Aleppo no mu micungararo yaho mw'ijoro ryakeye.

Kuva mu ndwi iheze umurwi 'Observatory for Human Rights' wemeza ko muri Aleppo honyene abantu bagera ku 237 barimwo abana 38, bamaze kuhasiga ubuzima kuva ako gahengwe kari katanzwe gahagaritse kwubahirizwa.