Ukoresha terefone ushaka canke igutwara igihe?

Hari abo terefone zitwara umwanya cane Uwufise ububasha kw’isanamu grinvalds, thinkstock
Image caption Kuguma kuri terefone ngo bishobora guteranya ababana

Icegeranyo cakozwe n'ikigo Deloitte gitunganya ibikorwa bitandukanye birimwo gukora matohoza no kugira inama ibindi bigo, kigaragaza ko abanyagihugu bo mu Bwongereza batari bwatwarwe no gukunda terefone nk'uko biri muri kino gihe.

Umwe kuri batatu mu banyagihugu b'Ubwongereza bari ku rugero rw'abakuze ngo baraba ubutumwa muri terefone zabo mu gicugu, kandi bariyemerera ko gukoresha terefone ku rugero rurengeje bibatera gutata n'abo bubakanye.

Ico cirwa kivuga ko kuri bamwe, ubwoba bwo gucikwa n'ibiriko biravugwa, ngo butuma baguma kuri terefone zabo nk'ibimata.

Uwujejwe ubushakashatsi mu gisata c'ubuhinga mu kigo Deloitte, avuga ko terefone zazanye ubushobozi bwo guha akaryo abantu, ko gukukirana buri munsi ibiriko biraba hirya no hino kw'isi no kumenya ico abantu babivugako.

Paul Lee avuga ko ubu naho izo terefone zishaka kubahimiriza kuzigumako no mw'ijoro.

Mugabo ku bwiwe ngo ivyo vyo gukoresha terefone cane bizomara igihe gito, kuko abantu baracariko baramenyera uko bakwiye gukoresha izo terefone, cane cane izo mu bwoko bwa smartphone, yibutsa ko zimaze imyaka icenda gusa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Wavebreakmedia Ltd
Image caption Abakarirwa no kumara igihe kuri terefone ngo ni abari hagati y'imyaka 18 na 34

Bwana Lee avuga ko abantu baharara iyo babonye ikintu gishasha.

Abatatira gukoresha terefone birenze urugero ngo usanga bari hagati y'imyaka 25 na 34 nk'uko icegeranyo ca Deloitte kibivuga.

Abagera ku bice 11% mu biyemerera ko bakunda terefone birengeje nabo ngo bari hejuru y'imyaka 65.

Ibice 10% vy'abatwawe na terefone ngo bemera ko bayikoresha iminsi yose, kenshi, bari gufungura haba muhira canke muri resitora.

Ica gatatu c'abavyemera ko bakunda terefone nabo ngo bazikoresha bariko baraba tereviziyo canke bari kumwe n'abagenzi.

Umwe kuri batatu mu Bongereza bari hagati y'imyaka 18 na 24 bavuga ko bavyutse kuraba ubutumwa kuri terefone cane cane ubuca ku mbuga zo kuganirirako (social media).

Umwe ku bantu cumi batunze terefone zo mu bwoko bwa Smartphone nabo biyemerera ko bavyuka arizo bashoka barondera, nayo 1/3 cabo ngo bazifata mu minuta itanu ya mbere bacikangura.

Ikindi kivurwa kuri izo terefone n'uko isoko ryazo n'ubwo risa n'iririko riruzura, ngo zizokomeza kugurwa kurusha ibindi bikoresho vy'ubuhinga bw'itumatumanako nka ipad.