Shimon Peres yahoze arongoye Israel yapfuye

Shimon Peres yagiye arashingwa amabanga ahambaye ku ntwaro nka zose muri Israel Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Shimon Peres yagiye arashingwa amabanga ahambaye ku ntwaro nka zose muri Israel

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Israel, yigeze no kuba prezida, Shimon Peres, yitavye imana afise imyaka 93.

Yari agwaye kuva mu ndwi zibiri ziheze, aza kuremba cane giturumbuka ku musi wa kabiri.

Peres ni we munyepolitike yari asigaye mubari bahari igihe hashingwa igihugu ca Israel mu 1948, yarabaye umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu incuro zibiri, hanyuma aba umukuru w’igihugu rimwe.

Yaratahukanye agashimwe kitiriwe Nobel mu 1994, mu twigoro twiwe mu biganiro vyatumye hashirwako umukono ku masezerano y’amahoro hagati ya Israel na Palestine.

Igihe kimwe, yarigeze kuvuga ko abanye Palestine ari bo “babanyi bo hagufi” b’abayahudi, kandi ko bashobora kuba “abagenzi ba hagufi”.

Peres yitavye imana ariko aravurirwa mu bitaro bimwe biri hagufi y’igisagara ca Tel Aviv kare mu gitondo ku musi wa gatatu, inyuma yo gufatwa giturumbuka itariki 13 ukwezi kw’icenda.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Shimon Peres yahawe agashimwe ka Nobel ari kumwe n'umukuru wa Pelestine Yasser Arafat hamwe n'umushikiranganji wa mbere wa Israel, Yitzhak Rabin

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yavuze ko Peres “nk’umugenzi wa hagufi” mu vyo yatangaje, yongera avuga ko :”Yamye araba kure kandi mu bwitonzi no kwicisha bugufi, kandi yamye azi ko abantu bipfuza ineza bashobora kubana.”

Peres yaronse agashimwe kitiriwe Nobel bari kumwe n’umushikiranganji wa mbere w’ico gihe, Yitzhak Rabin, yagiye kwicwa mu nyuma, hamwe n’umukuru wa Palestine, Yasser Arafat.

Shimon Peres ni nde?

§ Yavutse mu 1923 I Wisniew muri Pologne, ahazwi ubu ko hitwa Vishneva, Belarus.

§ Yatowe kuja muri Knesset (Imana nshingamateka ya Israel) ubwa mbere mu mwaka 1959

§ Yakoze mur reta 12, rimwe ari umukuru w’igihugu, na kabiri ari umushikiranganji wa mbere.

§ Yabonwa nk’umuntu akunda imbara kera- akaba yari arongoye intumwa zari mu biganiro vyo kuronderera ibigwanisho Israel igishingwa.

§ Yari muri reta yemeje umugambi wo kwubaka inzu z’abayahudi mu turere tw’abapalestine twigaruriwe na Israel.

§ Yaragize uruhara mu masezerano y’amahoro mu biganiro vyabereye mu gisagara ca Oslo, amasezerano ya mbere hagati ya Israel na Palestine, yavuga ko bazogira akigoro ko ”kubana mu mahoro”.

Acinjira muri politike, yahawe akazi ko kurongora ingabo no kugura ibigwanisho vy’igisirikare ca Israel.

Yaragiranye amasezerano n’Ubufaransa yo guha Israel indege z’intambara zo mubwoko bwa Mirage.

Yarafashije kandi mukugira ihinguriro ryo mw’ibanga ry’ibigwanisho vy’ubumara.

Yabaye umushikiranganji wo kwivuna abansi mu 1976, igihe umugwi w’abanye Palestine banyuruza indege ya Israel bayijana Entebe muri Uganda.

Yagiye imbere mu gikorwa co kubabohoza.

Yabandanije akora akazi kenshi mu busaza bwiwe, abicishije mw’ishirahamwe ryiwe ata ho ryegamiye rya Peres Center for Peace, rifasha muguhuza abanye Palestine n’abayahudi.

Mu mwaka 2013 yavuze:”Nta kiruta amahoro. Nta kamaro ko kugwana.”

Yasezeye mu mabanga ya Prezida mu 2014.