Ikigazi kimariye iki abo mu kiyaya c'imbo mu Burundi?

Amamesa bayahingurira mu mahinguriroabayabaye, aba bakaba ari bamwe mu bakozi.
Image caption Amamesa bayahingurira mu mahinguriroabayabaye, aba bakaba ari bamwe mu bakozi.

Igiterwa c’ikigazi kirimwa mu kiyaya c’imbo kivamwo amamesa abantu benshi bakunze gufungura, mbere ashorwa no mu bindi bihugu.

Ico kigazi ni co gitunze abanyagihugu benshi kuko kivamwo ibintu vyinshi bitandukanye uretse amamesa.

Umupfasoni Ndayishimiye Antoinette, wo ku musozi Ruvumera muri komine Nyanza lac, asanzwe arima ibigazi avuga ko ibigazi babizeyemwo vyinshi.

“ Imikubuzo turayikubuza, ibikungwa turabicana, imise tuyikorawo amasabuni, amangarara tuyakoresha mu gusobanya urugo”, uko ni ko Ndayishimiye Antoinette avuga.

Image caption Imikubuzo iva mu giterwa c'ikigazi

Iyo umwimbu ugenze neza, ngo barakoresha n’abakozi bakabahemba amahera ari hagati y’ibihumbi bitatu na bibiri.

Kugira bahingure amamesa, abanyagihugu bikora ku mahinguriro abayabaye.

Ayo mahinguriro y’amamesa akenera amazi menshi ari na co gituma usanga yubatswe ku nkengera y’inzuzi.

Umwanda uva muri ayo mahinguriro wisuka mu nzuzi, izo na zo zikisuka mu kiyaga Tanganyika.

Image caption Kimwe mu binogo bihingurirwamwo amamesa

Abategetsi ba komine Nyanza Lac bakaba bahimiriza abanyagihugu guhingura ibigazi ariko batabangamiye ibidukikije, nk’uko bishikirizwa na Siwezi Oscar, umuhanuzi wa musitanteri ajejwe iterambere.

“ Turiko turabahimiriza kugira bimbe aho basuka urya munyemwe, ntuheze ngo wisuke mu nzuzi, kuko iyo zitosekaye, na Tanganyika rurashikirwa rugatosekara, mu gihe rudufitiye akamaro ntangere mu mibereho y’ubuzima bwa misi yose,” uko ni ko Siwezi Oscar abandanya abivuga.

Mu gihe abanyagihu bo mu kiyaya c’imbo batokwigishwa neza ingene bashobora guhingura ibiva mu bigazi ariko bubahirije ibidukikije ngo bishobora kubagirako ingaruka mbi.