Syria: Uburusiya buhindira abagwanyi mu minwe y'intagondwa

Ahavuye isanamu, AFP
Onu ivuga ko abantu 400, harimwo n'abana biciwe mu ndwi iheze mu gisagara ca Alep
Ukwiyongera kw’ibikorwa vya gisirikare vy’Uburusiya vyahindiye imigwi yoroheje igwanya reta ya Syria mu minwe y’intagondwa, nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Amerika.
Mark Oner yavuze ko ibindi bitero bishasha vy’indege vy’Uburusiya na Syria vyateye ibibazo vyinshi cane hamwe no kubura ico umuntu afata.
Amerika ivuga ko ishobor guhagarika ugufashanya n’Uburusiya mubikorwa bibera muri Syria.
Ariko Uburusiya nab wo bwagirije Amerika ko ikingira ikibaba umugwi witwaje iterabwoba, mu ntumbero yo gushaka gukura ku butegetsi prezida Bashar al-Assad.
Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire, Sergei Lavrov yavuze ko Amerika yarenze kuvyo yari yiyemeje vyo gutandukanya umugwi ukomeye cane wa Jabhat Fateh al-Sham (wahoze uzwi nka al-Nusra Front) n’iyindi migwi y’intagondwa, n’imigwi igwanya reta yoroheje.
Ahavuye isanamu, REUTERS
Hari imgwi myinshi yitwaje ibigwanisho mu gihugu ca Syria
Toner yavuze ko ivyo Uburusiya buvuga ata ho bifatiye.
Yabwiye abamenyeshamakuru muri Amerika koi maze amezi n’amezi idatera al-Nusra kubera bacanganye n’abandi bagwanyi hamwe n’abanyagihugu.