Umucamanza mukuru yahagaritswe muri Alabama

Ahavuye isanamu, AP
Moore yavuze ko ingingo yafashwe ari iya politike
Intara ya Alabama muri Amerika, yahagaritse mu mabanga yiwe umucamanza mukuru yanse gukurikiza itegeko rya sentare nkuru ku vyerekeye ukwubakana kw’abasangiye igitsina.
Ray Moore, yasavye ko abashaka kwubakana basangiye igitsina babima urupapuro rwo kwubakana, inyuma y’aho mu mwaka uheze hemerejwe ko abakundana basangiye igitsina bashobora kwubakana.
Yavuze ko ingingo yo kumukura ko ari isekeza ryakozwe n’abakundana basangiye ibitsina, yo kubandanya ingendo itandukanye n’imico n’imigenzo.
Umugwi w’abashigikiye ukwubakana kw’abasangiye igitsina wamwitwariye, wavuze ko yahawe akazi nk’umucamanza mukuru atari ako umumenyeshamana.
Moore, azwi cane ku ngingo yafashe yo kwubaka umunara w’amabwirizwa cumi yo muri Bibiliya, ku nyubakwa ya sentare yo muri iyo ntara, kandi yiyamiriza ku mugaragaro abakundana basangiye igitsina.
Ahavuye isanamu, AP
Abashigikiye Moore n'abatamwerekwa bagize imyiyerekano igihe yariko aracibwa urubanza
Uwo mucamanza kandi, hari igihe yasavye abacamanza bo muri iyo ntara ya Alabama, kudaha impapuro abubakanye basangiye igitsina, biteye kubiri n’ingingo ya sentare nkuru muri Amerika.