Burundi: Amashirahamwe 6000 mu myiyerekano yo kwiyamiriza Onu

Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ivyegeranyo vya Onu barahakana ko ata genocide iriko iraba mu Burundi
Image caption Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ivyegeranyo vya Onu barahakana ko ata genocide iriko iraba mu Burundi

Amashirahamwe ibihumbi bitandatu yagize imyiyerekano mu gisagara ca Bujumbura, yiyamiriza irungikwa ry'abahinga boza kugira amatohoza ku mabi yakozwe kuva mu 2015.

Ayo mashirahamwe yiyamiriza icegeranyo c’abahinga ba Onu n’ingingo yafashwe n’igisata ca Onu kijejwe agateka ka zina muntu yo kurungika umugwi w’abahinga bazomara umwaka wose bagira amatohoza ku mabi yakozwe kuva mu mwaka wa 2015.

Abari bitavye iyo myiyerekano bahuriye mu kibanza citiriwe ukwikukira kw’Uburundi baca bagira urugendo rwabashikanye ku biro bikoreramwo igisata ca Onu kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi.

Image caption Imyiyerekano yo kwiyamiriza ingingo ya Onu yo kurungika abagira amatohoza mu Burundi

Bari bitwaje ivyapa vyanditseko inyandiko zitandukanye, nk’izihakana ko hagiye kuba genocide mu Burundi.

Abahinga baje kugira amatohoza mu Burundi baheruka gusohora icegeranyo, aho bavuga ko hakozwe ivyaha bikomeye bihonyanga agateka ka zina muntu, mbere banavuga ko bafise n’amazina amwe amwe mu bagirizwa ivyo vyaha.

Kuva ico cegeranyo kimenyekanye haciye hatangura kuza haraba imyiyerekano itandukanye iciyamiriza, abayitavye bavuga ko ivyo bashikirije ata ho bifatiye.

Image caption Abari mu myiyerekano

Ku musi wa gatanu, igisata ca Onu kijejwe agateka ka zina muntu caremeje ku majwi 19 ku ndwi, ishingwa ry’umugwi woza gutohoza amabi yakozwe mu Burundi kuva mu mwaka 2015.

Reta ivuga ko idashobora kwemera gukorana n’uwo mugwi.