Umuhari wa FARC uzoriha ivyo wononye

Mu maseerano bagiriraniye na reta, FARC uzoca ucika umugambwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu maseerano bagiriraniye na reta, FARC uzoca ucika umugambwe

Abagwanyi ba FARC bamenyesheje ko bazoriha abo bononeye ibintu inyuma y’imyaka 52 y’intambara, mu gihe hitezwe amatora ya kamarampaka ku masezerano y’amahoro yashizweko umukono hagati y’abo bagwanyi na reta.

Umuhari wa FARC wariko urashikiriza ivyo utunze, vyibazwa ko harimwo amatongo cokimwe n’aho bimba ubutare hamwe n’imitahe yo muvyo kwunguruza abantu-ibintu vyabaye ku mugaragaro.

Iyo ntamabara yahitanye abantu 260.000.

Abandi barenga imiliyoni zitandatu barataye izabo.

Ku musi wa mbere, igihe hariko harashirwa umukono kuri ayo masezerano atzibagiranwa hagati ya reta n’abo bagwanyi, umukuru wa FARC, Timoleon Jimenez, azwi kw’izina ry Timochenko, yarasavye imbabazi ”abantu bagizweko ingaruka n’iyo ntambara”.

Ariko abo bagwanyi bavuga ko gushika ubu batararonka amahera yo kuriha indishi y’akababaro abo bononeye kuko ubutunzi bwabo bwose babushira mu ntambara.

Abanyagihugu ba Colombia bazoja mu matora ya kamarampaka yo kwemeza ayo masezerano y’amahoro kugora aje mu mategeko.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Abaterekwa ayo masezerano barakoze imyiyerekano myinshi

Abatabona neza ayo masexerano yashizweko umukono inyuma y’imyaka ine y’ibiganiro, bavuga ko abo bagwanyi bashobora gukwepa kuriha ivyo bononye, n’aho ari ngombwa ko babikora.

Ariko mw’itangazo FARC yashize ahabona, bavuga ko bazokwereka reta “Uburyo bw’amahera n’ibitari amahera” vyahora bifasha mu ntambara bahoramwo.

Bavuga ko ivyo batunze bizokwerekanwa imisi 180 inyuma yo kwakwa ibirwanisho.