RDC: Amatora ashobora kwigizwa inyuma imyaka ibiri

Bitegekanijwe ko prezida Joseph Kabira arangiza ikiringo ciwe ca kabiri itariki 19 ukwezi kwa 11 mu 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bitegekanijwe ko prezida Joseph Kabira arangiza ikiringo ciwe ca kabiri itariki 19 ukwezi kwa 11 mu 2016

Akanama kajejwe gutegura amatora muri RDC kamenyesheje ko amatora y’umukuru w’igihugu yungururijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe umwaka wa 2018.

Ivyo vyamenyeshejejwe n’umukuru arongoye ako kanama, Corneille Nanga, aho yariko arashikiriza ijambo abitavye ibiganiro bimaze imisi bihuza abafise uruhara muri politike yo mu gihugu ca RDC.

Corneille Nanga yavuze ko akanama arongoye gakeneye umwanya ukwiye wo kwitegura.

Mu bikorwa bikenewe gukorwa, hari mw’uko abitavye ibiganiro basavye ko amatora yose yobera rimwe, kwandika abazotora, kugena ibibanza amatora azoberamwo hamwe no gushikana ibikoresho ku tuzu tw’amatora.

Abatavuga rumwe na reta ntibabona kumwe iyo ngingo y’akanama kajejwe gutegura amatora.

Bamwe bavuga ko hako amaraso aseseka borendira iyo myaka ibiri, mu gihe abandi bavuga ko prezida Joseph Kabira ategerezwa kuva ku butegetsi itariki 19 ukwezi kwa 12 mu mwaka 2016.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ibisigarira vy'imodoka yaturiwe mu myiyerekano

Imyiyerekano y’abatavuga rumwe na reta yo kwanka ko amatora yungururizwa ku rindi sango yarabaye mu misi iheze mu gihugu ca RDC, abantu benshi barahasiga ubuzima mu mishamirano yabahuje n’abajejwe umutekano.