Colombia: Amasezerano hagati ya FARC na reta yiyamirijwe

Abahakanye ayo masezerano barushije amajwi make abayashaka, bari buzuye amarira
Insiguro y'isanamu,

Abahakanye ayo masezerano barushije amajwi make abayashaka, bari buzuye amarira

Mu matora ya kamarampaka abanye Colombia biyamirije amasezerano y’amahoro ya reta hamwe n’umugwi wa FARC.

Abantu barenga imiliyoni cumin a zitatu ni bo bagiye mu matora, ariko abahakanye ayo masezerano batsinze ku majwi atarenga ibihumbi bitandatu.

Prezida Juan Manuel Santos yashize umukono kuri ayo masezerano mu ndwi iheze mu birori vyakozwe vyari vyitabwe n’abantu batandukanye, harimwo n’umukuru w’umuhari FARC, yavuze ko adatanga imihoho.

Insiguro y'isanamu,

Ivyavuye mu matora bikimenyekana, abiyamirije ayo masezerano baciye batangura imisi mikuru

Yongeye avuga ko ayo masezerano y’amahoro aje kurangiza intambara imaze imyaka irenga mirongo itanu, adafuswe, kandi ko azohagararira amahoro gushika ku musi wa nyuma ari ku butegetsi.

Ku ruhande rwiwe, umukuru w’umuhari w’abagwanyi ba FARC, Timechenko, yababajwe n’ivyavuye muri ayo matora, avuga ashimitse ko na we nyene yipfuza amahoro.

Insiguro y'isanamu,

Ayo masezerano yotumye harangira imwe mu ntambara zimaze imyaka myinshi